BAHORA BIBA UMUYAGANKUBA NONE BAFASHWE|

BAHORA BIBA UMUYAGANKUBA NONE BAFASHWE|

BAHORA BIBA UMUYAGANKUBA NONE BAFASHWE|
BAHORA BIBA UMUYAGANKUBA NONE BAFASHWE|

BAHORA BIBA UMUYAGANKUBA NONE BAFASHWE|

 Kw'ibarabara rya kane, muri karitye ya Kavumu, zone Kamenge , Komine Ntahangwa yo mu gisagara ca Bujumbura niho hamaze kumenyeka ko Antenne y'ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Lumitel yahora ikoresha umuyagankuba utarishe .  
Antenne ya Lumitel Burundi ikoreraho yafatanije intsinga zituma ironka umuyagankuba itawuhawe na Regideso. Amezi arenga cumi, ngo yari aheze batagura ama unités y'amayatara (Cash power), ivyatumye  Regideso ihomba amafranga arenga imiriyoni 25 nk'uko muri Regideso babimenyesha.

Umuyobozi Mukuru wa Regideso Dr-Ir Major Jean Albert MANIGOMBA yishikiye ubwiwe kwirabira ivyo vyabaye, akaba yashikirije ko bibabaje kubona iryo shirahamwe ryibwa muri ubwo buryo.