ABADANDAZA ISUKARI BAMWE BAMWE BO MUGISAGARA CA BUJUMBURA BARAMAZE GUKUGWA KURUTONDE RWA SOSUMO.

ABADANDAZA ISUKARI BAMWE BAMWE BO MUGISAGARA CA BUJUMBURA BARAMAZE GUKUGWA KURUTONDE RWA SOSUMO.

Mu gisagara ca Bujumbura abadandaza b'isukar bashika kuri 5 bo mu ma zone ya Gihosha ,Nyakabiga ,Cibitoki,Ngagara na Kinama baramaze gukurwa k'urutonde rwa SOSUMO kuko  basanze bikika mu kiza bakayinyegeza bongera baduza ibiciro.

Ivyo vyamenyeshejwe n'umuyobozi mukuru w'ishirahamwe SOSUMO Général de Brigade Aloys Ndayikengurukiye aho yarasavye abajejwe intwaro mu ntara gufasha mu gushengeza abadandaza  banyegeza isukari.

Yashikirije ko ku masezerano bari bafitaniye n'abunguruza isukari mu miduga ko yarangiye mu mpera z'ukwezi kwa gatanu ari kimwe mu bituma isukari iteba gushikira abaguzi.

Akanavuga kandi ko amasezerano mashasha n'abo bunguruza isukari ko ariko aratunganywa kugira ico gikorwa gisubire kugenda neza mbere yongeye arahumuriza abanyagihugu ko isekeza ryo kwimbura igikaju rigiye gutangura imbere yuko ukwezi kwa gatandatu kurangira bikazotuma isukari yiyongera ikibazo c'ikena ryayo kigatorerwa umuti.