ABAGIRIZWA GUSHAKA GUTEMBAGAZA UBUTEGETSI BWA PETERO NKURUNZIZA, BAKATIWE UMUNYORORO WO GUHERAYO.

abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi muri Rusama 2015 ni 34 bagizwe n’intwazangabo mu gisirikare no mu gipolisi, abanyepolitike, abamenyeshamakuru hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike bakaba bakatiwe na sentare ntahinyuzwa umunyororo wo guherayo.

ABAGIRIZWA GUSHAKA GUTEMBAGAZA UBUTEGETSI BWA PETERO NKURUNZIZA BAKATIWE UMUNYORORO WO GUHERAYO.
1 / 1

1. ABAGIRIZWA GUSHAKA GUTEMBAGAZA UBUTEGETSI BWA PETERO NKURUNZIZA BAKATIWE UMUNYORORO WO GUHERAYO.

Bagirizwa kuba bashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza, kwica no gusambura ibintu vy’abanegihugu. Muri abo bose, abatapfuye baba hanze y’Uburundi.

Godefroid Niyombare ni we aza kw’isonga y’urwo rutonde rw’abantu 34. Urwo rubanza rukaba rwagiye ahabona kuri uno wa kane. Kiretse rero gukatirwa umunyororo wo guherayo, baraciriwe no kuriha n’indishi z’akababaro ku bintu vyononywe muri iyo misi yakurikiye uko gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Radiyo Rema FM izorihwa amafaranga arenga gato imiriyaridi 4 z’amarundi, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi imiriyoni zirenga 800, ubushikiranganji bw’umutekano imiriyoni zirenga gato 360 n’umugambwe CNDD-FDD imiriyoni zirenga 180. Hari n’abanyagihugu basabiwe ku giti cabo indishi nazo zirenga gato imiriyoni 80, uwuza imbere akaba ari Bisaganya Albert, umupolisi w’ipete rya general aherutse gukukuruka akaba asabirwa imiriyoni 25.