ABAKINYI BABARUNDI BAKINA MU MAKUNGU BABANDANYA BAVYIGENZAMWO NEZA.

1 / 1

1.

Uburundi ni kimwe mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y'ubuseruko gifise abakinyi benshi bakina mu bindi bihugu.Mbega iyo bakina bariko bavyifatamwo gute? duhere mu gihugu ca TURQUIE indwi ya 38 mw'ihiganwa Super Ligue

Sivasspor 0-0 I.Basaksehir.

Umukinyi Yussuf NDAYISHIMIYE Nyange yakinye iminota yose y'urukino k'uruhande rw'umugwi wa Basaksehir.

Rizzespor 0-4 Y.Malatyaspor.

Mu mugwi wa Malatyaspor Umukinyi NDIZEYE Eric yagumye ku ntebe y'abasubirira abandi mu gihe Jospin NSHIMIRIMANA atabonetse ku rutonde rw'abakinyi 20 muri urwo rukino.Iyo migwi ibiri ikinamwo abarundi ikurikirana mu rutonde rw'ihiganwa bose bakaba banganya amanota 44, Malatyaspor mu kibanza ca 13 Basaksehir mu kibanza ca 14 biraboneka ko iyo migwi itakimanutse mu cicaro ca kabiri naho ihiganwa ritatanguye neza kuri bo.

Muri AFRICA Y'EPFO urukino rwahuje imigwi ya TTM 1-0 Chippa United.

Urwo rwari urukino rwa nyuma final rw'igikombe ca Neddbank aho umugwi wa Chippa united wabuze igikombe mu rukino Frederick NSABIYUMVA yakinye iminota yose yarwo.

Naho muri IRLANDE DU NORD.

Clitonville 0-1 Glentoran FC.Ku ruhande rw'umugwi wa #Glentoran umukinyi Gaël BIGIRIMANA yakinye iminota yose y'urukino,uwo mugwi ukaba ugeze mu kibanza ca gatatu n'amanota 65 ku ndwi ya 35