ABAKOZI 2 BIBITARO  BIKURU VYO MU NTARA YA KARUSI BARAPFUNZWE.

ABAKOZI 2 BIBITARO  BIKURU VYO MU NTARA YA KARUSI BARAPFUNZWE.

Abakozi babiri umwe ari umunyabigega uwundi ajejwe itozwa ry'amafaranga barapfunzwe mu gasho ka komisariya y'igiporisi mu ntara ya Karusi.

Mu giporisi bamenyesha ko bapfunzwe kumvo z'amatohoza ajanye n'ubusuma buvugwa kuri ivyo bitaro.

Muganga arongoye ivyo bitaro "Natwe turashoboye "avuga ko babashikirije inzego zijejwe amatohoza n'ubutungane inyuma y'aho ubuyobozi busanze  hari ibidasiguritse neza mw'itunganywa ry'akazi bajejwe kubijanye n'amafaranga ibitaro vyinjiza.