ABAKOZI BA LETA N'ABIKORERA UTWABO BAHAWE AKARUHUKO K'UMUSI MUKURU W'INTAMA

ABAKOZI BA LETA N'ABIKORERA UTWABO BAHAWE AKARUHUKO K'UMUSI MUKURU W'INTAMA

Mw'itangazo ryateweko umukono n'umwunganizi w'umushikiranganji w'abakozi n'akazi kuri uyu wa 16 Mukakaro 2021,iryo tangazo rimenyesha ko bwihweje itegeko ry'umukuru w'igihugu inimero 100/182 ryo ku wa 17 Mukakaro 2016 rishinga urutondo rw'imisi y'akaruhuko  mu ngingo yaryo yambere,ubwo bushikirangaji nyene bwisunze ikete ry'uwuserukira urunani rw'aba Islam mu Burundi(COMIBU)ryo ku wa 15 Mukakaro 2021,Ubushikiranganji bw'abakozi n'akazi buramenyesheje abakoresha n'abakozi ba leta hamwe n'abikorera utwabo ko kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 20 Mukakaro 2021 ari umusi mukuru w'intama (IDIL-ADHAA) akaba ari umusi w'akaruhuko kandi bazowuhemberwa.