ABANA BARI MWIGORORERO RYO MU RUMONGE BIMURIWE MU NTARA YA RUYIGI.

ABANA BARI MWIGORORERO RYO MU RUMONGE BIMURIWE MU NTARA YA RUYIGI.

Bose hamwe ni abana 51 Bari bashizwe mw'igororero ry'ibohero rikuru RYO mu rumonge aho bita Kumurembwe .

Inyuma yaho igice c'uruhome rw'ico kigo c'igororero co mu ntara ya Rumonge cari cabakiriye gisenyukiye ,abo bana bakaba bimuriwe mukindi kigo cakira abana bafitaniye amatati n'amategeko (les enfants en conflits avec la loi)co muntara ya RUYIGI.

Amashirahamwe aharanira agateka k'abana mu ntara ya Rumonge avuga ko hari ibigiye kugorana aho twovuga nko gukurikirana ama dosiye yabo bana hamwe nogukurikirana imyuga bari batanguye, bagasaba ko urwo ruhome rwokubakwa vuba abo bana bagasubira mu Rumonge .