ABANONOTSI 6 NIBO BAGIYE GUSERUKIRA U BURUNDI MU NKINO MPUZAMAKUNGU ZA JEUX  OLYMPIQUE ZIZOBERA MU GIHUGU C'UBUYAPANI

ABANONOTSI 6 NIBO BAGIYE GUSERUKIRA U BURUNDI MU NKINO MPUZAMAKUNGU ZA JEUX  OLYMPIQUE ZIZOBERA MU GIHUGU C'UBUYAPANI

Umunyamabanga w'ishirahamwe mpuzamakungu mu Burundi CNO aramenyesha ko abanonotsi 6 bari mu nkizo z'ubwoko butatu ari ukwiruka ,umukino wo  gukupitana ingumu bita boxe hamwe no kwoga nibo bagiye guserukira u Burundi mu nkino mpuzamakungu za Jeux Olympique zimirije mu gihugu c'ubuyapani .

Uwo munyamabanga yongeye aramenyesha kandi ko imyiteguro y'ayo mahiganwa iriko igenda neza  mbere aranamenyesha kandi ko abazokwitabira ayo mashirahamwe bafashwa na leta ifadikanije n'amashirahamwe y'inkino yegukira.

Mu rukino rwo kwiruka ni Olivier Irabaruta (agira Marathon)  ,Francine Niyonsaba (yiruka imetero ibihumbi  5 hamwe na 10),na Eric Nzikwinkunda (800m);mu kwoga naho Belly Crésus Ganira hamwe na Odrina Kaze ;na Ornella Havyarimana aserukira igihugu mu rukino rwa boxe bilazobera mu gisagara ca Tokyo .