Abanonotsi barakwiye gufatwa mu mugongo.

Abanonotsi barakwiye gufatwa mu mugongo.

Mu bikorwa vy'indwi yahariwe abarundi baba mu makungu haratunganijwe ikiganiro ku banditsi n'abamenyeshamakuru.

Umunonotsi rurangiranwa w'umurundi yabiciye bigacika mu mahiganwa atandukanye y'isi akanatwara umudari w'inzahabu muri Jeux Olympiques 1996 z'i Atalanta muri Reta zunze ubumwe za Amerika Venuste Niyongabo yaravuze ko urwaruka rw'Uburundi ruri n'impano z'idasanzwe muvy'ukwinonora imitsi. Ariko ngo harabuze abarufata mumugongo mu nzego zibijejwe kugira rushobore kuza ruratahukana udushimwe mpuzamakungu.

Yarongeye aravuga ko mu mice itandukanye habuze abahinga bafasha abo banonotsi aho yavuze ko ahasa n'ahari abahinga ari mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru FFB honyene.

#EavibeMedia