ABANTU 2 BARAYE BAPFUYE BAHITWANYE NA GRENADE MU NTARA YA KAYANZA.

ABANTU 2 BARAYE BAPFUYE BAHITWANYE NA GRENADE MU NTARA YA KAYANZA.

Mw'ijoro ryakeye ry'igenekerezo rya 31Rusama 2021, abantu 2 bagizwe y'umukenyezi w'imwaka 60 hamwe n'umwuzukuru wiwe barapfuye bahitanywe  na gerenade yatewe n'abantu bataramenyekana ku muhana iwabo  ku mutumba Ruzingati komine Gahombo.

Umukuru w'umutumba Mediko Minani amenyesha ko abayiteye bayicishije mw'idirisha ry'icumba bari baryamyemwo.

Mu gipolisi bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira hamenyekane ababikoze kandi uwagirwa n'icaha ahanwe na cane cane ko atari ubwa mbere uwo muhana uterwa gerenade.