ABANTU BAZOFATWA MU VYAHA VYO KUGANA INZOGA ZA  RUGOMBA BAZOHANWA MU GISAGARA CA BUJUMBURA

ABANTU BAZOFATWA MU VYAHA VYO KUGANA INZOGA ZA  RUGOMBA BAZOHANWA MU GISAGARA CA BUJUMBURA

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 4 Ruheshi 2021, umushikiranganji w'intwaro yo hagati ;umutekano n'iterambere rusangi yamenyesheje ko abantu bose bazofatwa mu vyaha bijanye no kugana inzoga za Rugombo mu gisagara ca Bujumbura bazohanwa mbere naho aho baziganira hazoca hafatwa na leta harangurirwe imigambi y' igihugu (utilité publique")

Uwo mushikiranganji yabimenyesheje mu gihe yari aramutse yishikira gutuza inzoga zihungabanya amagara y'abantu mu gisagara ca Bujumbura  muri zone Cibitoki kw'ibarabara rya gatanu inomero zitanu .

CPG Gervais NDIRAKOBUCA yasavye kandi abajejwe umutekano kurikanura kugira  ntihagire imiduga isubira kudugana inzoga za Rugombo mu gihugu hagati kuko asigura avuga ko bitumvikana ingene mu gisagara ca Bujumbura ariho bogana ibitoke gusumba mu ntara za ruguru.

Yabandanije asaba abajejwe intwaro n'umutekano ko mu ndwi zitarenze zibiri ivyo bikorwa bigayitse bizoba vyahagaze.