ABANYARUMONGE BASABWA GUKORERA HAMWE,KUMENYA ICO UMWE WESE AJEJWE NO KWUBAHANA

ABANYARUMONGE BASABWA GUKORERA HAMWE,KUMENYA ICO UMWE WESE AJEJWE NO KWUBAHANA

Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 18 mukakaro 2021 munyubakwa za ESPACE VIGO iri muri zone Kinindo , komine Muha mu gisagara ca Bujumbura, Buramatari w'intara ya Rumonge yarakonye inama n imvukira ziyo ntara ziba mugisagara ca Bujumbura.

Intumbero yiyo nama kwari ukurabira hamwe ingene umutekano wifashe mu ntara yose,isuzumwa yivyo Bari biyemeje mu nama yaheruka kubahuza mu kwezi kwa Ntwarante,aho bagejejeje imigambi y'iterambere aho twovuga iyubakwa ry'ibiro vy'intara ya Rumonge, ibarabara rikuru rya Rumonge -Bujumbura ,kwagura igisagara ca Rumonge n'ibindi.

Muri iyo nama Buramatari wiyo ntara Consolateur Nitunga yaboneyeho akoryo ko kumenyesha abanyarumonge ko mubijanye n'indero uyumwaka ko bizeye batazosubira kufata ikibanza ca nyuma nkuko imyaka itatu yari iheze iyo ntara yikwirikiranya kuba iyanyuma.

 
Abari muri iyo nama baramenyeshejwe abari mumigwi itandukanye igize ubuzima bw'intara ya Rumonge(commissions) igiye gutunganya iyo ntara. 

Buramatari akaba yasavye abanyarumonge gukorera hamwe ,k'ubahana muvyo umwe wese ajejwe ivyo bikazotuma intara ya Rumonge iterimbere gusumba .