ABARIMYI BIGITERWA C'UMUCERI BARIDOGA KO BAZOHAVA BAHOMBA KU GICIRO CA LETA YASHINZE MU NTARA YA CIBITOKI.

1.

Abarimyi barimira mu Nyakagunda igiterwa c'umuceri ahahora hegamiye ishirahamwe RUGOFARM baridoga ko bagiye guhomba mu gihe  umuceri wogurwa ku giciro cashinzwe na Leta.

Abashingamateka batowe mu ntara ya Cibitoki basaba ko ico giciro  cashinzwe na leta kocoduzwa kuneza y'abanyagihugu kuko basigura  ko ifumbire yabazimvye eka ngo n'imbuto irazimvye.

Amakenga akaba ari yose kubijanye n'ikigo CIAP catsindiye isoko yo kuwugura  ko hashobora kwaduka inzara kuko ico kigo bibazako cowujana muzindi ntara z'igihugu. 

Béatrice Nyabenda arongoye ikigo kijejwe ibidukikije ,uburimyi n'ubworozi asigura avuga ko barimye mu matongo batijwe  na leta ibaha ingurane y'ifumbire  n'imbuto.

Uwo muyobazi yahimirije avuga ko bategerezwa kwemera ibiciro leta yashinze ndetse na Buramatari w'iyo ntara amenyesha ko ari umugambi wa leta atagihinduka.