ABARUNDI BAGEZE KU NTAMBWE ISHIMISHIJE MU KURWANYA AMABI AKORERWA ABAKENYEZI.

ABARUNDI BAGEZE KU NTAMBWE ISHIMISHIJE MU KURWANYA AMABI AKORERWA ABAKENYEZI.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Ruheshi 2021, Balthazar Habonimana yatanze icigwa ku baririmvyi, abanditsi, abanyavyese, abakina amareresi hamwe n'abakora ivyo gushushanya ku bijanye n'amabi afatiye ku gitsina i Bujumbura. 

Yamenyesheje ko mu rwego rw'abashingantahe  afatira ko ubu abakenyezi bashingwa amabanga atandukanye ndetse no mu rwego rw'abashingantahe ubu  batirwa co kimwe n'abagabo akira kuba akwije ivyangombwa.

Uwurongoye isabukuru FESTIVACAB Ngabo Léonce  abahinga mu ndirimbo n'abakora ivy'akaranga bafise ijwi rigera  kure yongeye arabasaba ko mubikorwa  bakora boza baracishamwo ubutumwa bwibutsa abantu  kugwanya ayo amabi.

Izo nyigisho zikaba ziri mu rukirikirane rw'ibikorwa vyatunganijwe na Festicab kuva kuwa 28/5 gushika kuwa 4/6/2021.