ABARUNDI BANGANA 246 NIBO BAVUYE MW'IKAMBI YA LUSENDA   MURI REPUBLIKA IHARANIRA INTWARO RUSANGI YA KONGO.

ABARUNDI BANGANA 246 NIBO BAVUYE MW'IKAMBI YA LUSENDA   MURI REPUBLIKA IHARANIRA INTWARO RUSANGI YA KONGO.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2021, imiryango 46 y'abarundi niyo yashikiye mw'ikambi y'imfatakibanza y'i Gihanga aho bazohamara imisi 3.

Iyo miryango ikaba igize n'abantu bangana 246 aho bari mw'ikambi ya Lusanda muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu yabasavye kuzoshika bandikisha abana bibarukiye mu buhungiro hamwe n'abubakiyeyo kwandikisha ubugeni bwabo.