ABASIRIKARE 8 B'UBURUNDI MU BAMBITSWE IKIDARI NA ONU MU KUBA BARASIZE UBUSIZIMA BWABO KU RUGAMBA

ABASIRIKARE 8 B'UBURUNDI MU BAMBITSWE IKIDARI NA ONU MU KUBA BARASIZE UBUSIZIMA BWABO KU RUGAMBA

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 Rusama 2021, abasirikare 8 b'abarundi bari mu nteko z'ishirahamwe mpuzamakungu ONU zasize ubuzima ku rugamba bashimiwe nk'intwari.

Aho hari kuri uno wa kane 27/05/2021 umusi ishirahamwe ONU ryahariye inteko wahimbarijwe i New York muri leta zunze ubumwe za Amerika.

Mw'itangazo ryasohowe ku musi w'ejo mu guhimbaza uwo munsi bibuka abasirikare barenga ibihumbi 4 baguye ku rugamba kuva mu 1948 hatangujwe ico gikorwa bavuze ko bagiye guha ibidari abantu bagera kw'129 bagizwe n'abasirikare, abapolisi n'abanyagihugu bahitanywe n'ibitero vyo mu mwaka w'2020 no muntango z'uno mwaka wa 2021.

Umunyamabanga  mukuru wa ONU avuga ko bashima ibikorwa vyaranguwe n'izo ngabo bibuka.