ABATWA BO MUKAYANZA BASABWA KWIFYATURIRA AMATAFARI BAKABAFASHA IBISIGAYE

ABATWA BO MUKAYANZA BASABWA KWIFYATURIRA AMATAFARI BAKABAFASHA IBISIGAYE

Ni imiryango 22 y'abatwa igizwe n'abantu 97 bo kumutumba wa Mugamba muri komine n'intara ya Kayanza.

Ishirahamwe ry'abagira Impuhwe bishinze gufasha abagendana umugera wa SIDA hamwe n'abandi bantaho nikora (AMAVS)hamwe n'ishengero "ÉGLISE ÉPISCOPALE RÉFORMEE " basaba abo batwa kwibumbira amatafari gusa, abafundi bubaka, ibisakazo n'ivyugazo bakabihabwa,aho nimugihe bahora baba mutuzu twubakishije ivyatsi n'utumwanya.

Musenyeri André Florian Ndabarumana wo muri Eglise Épiscopale Réformée ari nawe ahagarariye ivyo bikorwa vyokwubakira abo batwa avugako ico gikorwa baciyumviriye kubera ko aho bari babaye abo batwa hari hateranye ikigongwe.

Umuhanuzi wa buramatari w'intara ya Kayanza ajejwe imibano, inkino n' imicokama  Sylvain Bakanibona asaba abo batwa gukura amaboko mu mpuzu bagakora bakirinda ingeso mbi nk'ubusambanyi kandi bakavyara abo bashoboye kurera ,agahimiriza abana babo kuja kumashure bakirinda indwara zibiza nka SIDA na koronaviris.