Abavugizi b'inzego za Reta: Zimwe mu nyishu batanze ku bibazo vy'abenegihugu n'abamenyeshamakuru.

Abavugizi b'inzego za Reta: Zimwe mu nyishu batanze ku bibazo vy'abenegihugu n'abamenyeshamakuru.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu yatanze gasopo ati "Mu vyumve neza inyamiramabi ntizirekuriwe kumvikanisha abantu mumatati yari gukorwa n'ubutungane. Umunyagihugu bizoshikira yiture igiporisi aciye ku noméro itariha 413. Umuporisi nawe azofatwa mumakosa nkayo azofutwa mukazi."

Uno musi abavugizi b'inzego za Reta bishuye kubibazo vy'abamenyeshamakuru n'abenegihugu mu kiganiro cabereye mu ntara ya Kirundo. Izi ni zimwe mu nyishu batanze:

Abakozi ba Reta  bataronse uturusho(ajustement) abandi barose, utwo turusho twari twaje gukuraho ubusumbasumbane bw'imishahara. Abataturose ngo nibandikire ubushikiranganji bw'abakozi kandi ngo bazotunganirizwa co kimwe n'abandi,vyavuze umuvugizi w'ubushikiranganji bw'abakozi ba Reta.

Ku bijanye n'ikiza karanda koronavirisi, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu yamenyesheje ko ata mugwayi wa koronavirisi acibonekeza mu ntara zo hagati mu gihugu kiretse mu gisagara ca Bujumbura.


Ikijanye n'ikigongwe catanzwe n'Umukuru w'igihugu ku banyororo barenga 5000, umuvugizi w'ubushikiranganji yamenyesheje ko  vuba intonde zabo zisohoka akavuga ko icabitebeje ari uko babanje kwiga neza abazoronka ico kigongwe. Ku basavye ko imanza zabo zisubirwamwo ngo nibarindire bihanganye kuko biriko birigwa. Icabitebeje nuko basanze ari amadosiye menshi, aho yose hamwe arenga 3400.

Uwabajije avuga ko kwinjira mu gisata ca kabiri c'amashure ya kaminuza  hoba hajamwo ikumirwa, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'indero yabibeshuje. Yamenyesheje ko hakorwa ikibazo ku banyeshure bava mu makaminuza za Reta n'izigenga. Uwugitoye agaheza akinjira akiga, ko atawokwitaza ko yakumiriwe ahubwo ko yoshira aho intahe ishize.

Kukijanye n'ingorane z'bitabu bitabonetse uno mwaka ku rutonde rwo mu mwaka wa kabiri n'ibitabo vyo mumashure y'intango bikomeza kwibonekezamwo amakosa, uwo muvugizi yamenyesheje ko ubu vyabonetse bizotangurana n'umwaka uza, kuc'amakosa ngo hariho umugwi wari umaze imisi ukoraniye mu ntara ya Muramvya ukaba uriko urabitosora vuba ukazoba warangije ico gikorwa.

Ikijanye n'umwimbu w'ibigori wabonetse k'urugero runini, umuvugizi w'ubushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi yasavye abarimyi kubika neza umwimbu bongere bubahirize ibiciro vyashinzwe na Reta

Ku kibazo kijanye n'ibinyamakuru vyugawe n'igihugu c'u Rwanda ari nayo vyasamiranira, umuvugizi wa  Reta y'Uburundi yamenyesheje ko ari ikintu co gushima mbere vyerekana ko ico gihugu kiriko kiritahura kugira imigenderanire igende neza.