ABOROZI BARIBANA BWATSI BW'INKA MU NTARA YA KAYANZA

ABOROZI BARIBANA BWATSI BW'INKA MU NTARA YA KAYANZA

Aborozi  bo mu ntara ya Kayanza bateye kare ubwatsi kugira  bitegurire  neza gushira mu ngiro ingingo ya Reta yo kwororera ibitungwa mu mpongore baridogera bagenzi babo ko hari abiba ubwatsi bakabugurisha ku bandi borozi. 

Umuyobozi w'ikigo kijejwe gukingira ibidukikije ,uburimyi n'ubworozi mu ntara ya Kayanza Adelin Niyonsaba arahimiriza kubajejwe intwaro guhana uwo wese yofatwa yagirizwa kwiba ubwo bwatsi hamwe mbere n'umworozi yabuguze kugira bagwanye bene ubwo busuma.

Gilbert Nyandwi,cmusitanteri wa komine Kayanza avuga ko uwivye ubwatsi aba ari igisuma nk'ibindi  ari naho uwuzofatwa wese azoshengezwa ahanwe hisunzwe amategeko .