AMAFARANGA ANGANA IMIRIYONI 101 Z'ABANYAMERIKA NIYO AZOKORA MU MUGAMBI   UZOFASHA MU KUGWIZA UMWIMBU W'UBURIMYI.

AMAFARANGA ANGANA IMIRIYONI 101 Z'ABANYAMERIKA NIYO AZOKORA MU MUGAMBI   UZOFASHA MU KUGWIZA UMWIMBU W'UBURIMYI.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2021,Umushikiranganji w'ikigega ca Reta no gutunganya ubutunzi bw'igihugu yamenyesheje avuga ko amafaranga angana imiriyoni 101 z'amanyamerika ariyo azokora mu mugambi uzofasha mu kugwiza umwimbu w'uburimyi uzorangungwa mu makomine amwe amwe y'intara 5 arizo Gitega ,Muyinga Karusi ,Ngozi na Kayanza.

Ivyo akaba yabishikirije mu gihe yariko asigurira abakenguzamateka integuro y'ibwirizwa amasezerano Reta y'Uburundi yagiranye  n'ikigega OFID  kizofasha  mw'irangurwa ry'uwo mugambi.

Uyo mugambi hakaba harimwo gutunganya imyonga, gufasha abanyagihugu ingene bobandanya bitunganiriza imigambi ijanye n'uburimyi hamwe no gushigikira amakoperative kugira ashobore guhingura umwimbu wabonetse.