Amahera yahora atozwa ku bituro vy'abunguruza abantu vyahagaritswe.

Amahera yahora atozwa ku bituro vy'abunguruza abantu vyahagaritswe.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu,iterambere rusangi n'umutekano Gervais Ndirakobuca yaraye ashinze itegeko rivugako guhera kuri uyu wa gatanu 05/03/2021 ko amafaranga yahora atozwa ku bituro vy'abiyunguruza (amamodoka ,amapikipiki canke tukutuku) yahagaritswe.

Ivyo bibaye inyuma yuko uwo mushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu ,iterambere rusangi n'umutekano Gevrais Ndirakobuca agiraniye inama n'abarongoye amashirahamwe Atrabu,CoAmotabu,Atubu ,Abakokayi n'abandi akababwirako hari hatanguye kwibonekeza abitiranya ibintu  mu gikorwa cariko kiraba c'ukwezi Gahinyuza mu bijanye no gutoza amatagisi.

Yongeye arabamenyesha  abarongoye ayo mashirahamwe kobategerezwa kwaka ibitasi abo batoza ayo mahera kuva muri kano gatondo nk'uko vyaraye bishikirijwe na Petero Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji.