AMATA ITONI 12 ZATANZWE N IGIHUGU CA MISIRI MU NTUMBERO YO GUTSIMBATAZA IMIGENDERANIRE HAGATI YICO GIHUGU N'UBURUNDI.

AMATA ITONI 12 ZATANZWE N IGIHUGU CA MISIRI MU NTUMBERO YO GUTSIMBATAZA IMIGENDERANIRE HAGATI YICO GIHUGU N'UBURUNDI.

Kuri uyu wa kane ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwarakiriye amatoni 12 y'amata yari avuye mu gihugu ca Misiri ku kibuga c'indege Melchior Ndadaye.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bukamenyesha ko ayo mata agenewe abana bakiri  bato bukongera bukamenyesha ko iyo ngabire y'igihugu ca Misiri ije mu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire iri hagati y'ivyo bihugu uko ari bibiri.

Uwakiriye iyo mfashanyo akaba ari umwunganizi w'umushikiranganji w'amagara y'abantu Onesphore Nzigirabarya.