ARGENTINE MU RUKINO RWANYUMA NA BRAZIL MU GIKOMBE CA COPA AMERICA.

1.

Umugwi Nserukiragihugu wa Argentine niwo waraye  utsinze umugwi Nserukiragihugu wa Colombia kuri penariti 3-2 inyuma yo kunganya 1-1 mu rukino rwose.

Umugwi Nserukiragihugu wa Argentine kuba waciye uronka amahirwe yo gukina urukino rwa nyuma Final muri Copa America.

Umunyezamu wa Aston Villa Emi Martinez abaye akaba yarigenjeje neza muri urwo rukino, aho yakuyemwo penariti zitatu. 

Leo Messi nawene yarigenjej neza mu gutanga imipira mwiza yavuyemwo Igitsindo ca Lautaro Martinez.

Muri iri higanwa Argentine yinjije Ibitsindo 11,Argentine ikazoza ihura na Brazil mu rukino rwa nyuma Final ruzobahuza ku munsi wa Mungu igenekerezo rya 11 Mukakaro 2021.