FAUSTIN NDIKUMANA YEMEJE AMASEZERANO YO GUKINIRA ATLETICO_NEW OIL FC.

1 / 1

1.

Mugihe ihiganwa ry'umupira w'amaguru Primus league rimwe igihe gato ritanguje ,  Umurwi ATHLETICO-NEW OIL FC urabandanya kwiyubaka,aho ni mugihe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 15-06-2021, uyo mugwi wamenyesheje icese ko wagiranye amasezerano n'umukinyi Ndikumana Faustin.

Ayo masezerano yatewe ko igihugu hagati ya NDIKUMANA Faustin na Atletico-new OIL FC azomara ikiringo c'imyaka 2.

Uwo mukinyi akaba yari asanzwe akinira umurwi w'igipolisi Rukinzo. NDIKUMANA Faustin aje yiyongera kubandi 17 bashasha binjiye muri ATHLETICO-NEW OIL FC mu misi mikeya iheze nkuko tubikesha Elysé NIYUBAHWE ajejwe kumenyeshako amakuru muri ATHLETICO-NEW OIL FC .