BAHAGARITSWE VY'IMFATA KIBANZA GUKINA UMUPIRA W'AMAGURU

BAHAGARITSWE VY'IMFATA KIBANZA GUKINA UMUPIRA W'AMAGURU

Umurwi ujejwe gutegura inkino mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi (FFB) wafashe ingingo yo guhagarika vyagateganyo abakinyi batatu b'umurwi wa Flambeau du centre wo mu ntara ya Gitega. Abo nabo akaba ari  HAKIZIMANA Issa,NSENGIYUMVA Rahim na CIZA Jean Paul BAHAGARITSWE bivuye kungendo mbi berekanye igihe umurwi wabo wariko uhura n'umurwi wa Musongati F.C yose akaba ari iyo mu ntara ya Gitega. Bikaba biri mu rwandiko uyo murwi wasohoye kuri uno wa kane 18/02/2021.

Mwomenya ko abo bakinyi batazokina urukino ruzobahuza na bujumbura City mu mpera ziyi ndwi mukurindira ingingo yanyuma izova mu nama nkuru ijejwe indero mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi.