#Baratuyagira: KWIZERA Freddy(Botchum) arahanura abategura ama festival kuyaha umwanya.

#Baratuyagira: KWIZERA Freddy(Botchum) arahanura abategura ama festival kuyaha umwanya.

Ubuheruka twari twabayagiye k’utubazo tumwe tumwe abantu bibaza kubijanye n’ibiteramo bitandukanye biriko biraba mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati aho bibaza ko abategura ivyo biteramo(Festival boba bunguka). Ama Festival ni menshi cane muri rino ci, amwe aramaze kuba, ayandi ariko araba, ayandi arimirije vuba. Menshi muri ayo ma festival abantu bayamenye vuba ko azoba.

Tumaze kubona utwo tubazo aha na hariya mu bantu twaregereye abahinga muvy’ibiteramo no gutegura imisi mikuru(Evenementiels) baratuyagira kuri izi festival ziriko ziraba, umwihwezo wabo n’intererano botanga.

Twaregereye KWIZERA Freddy benshi bazi nka Botchum, yigeze gutwara Amicales des Musiciens du Burundi, umwe mubariko bategura Festival Marahaba akaba n’umuhinyanyuzi aratuyagira.

Kukijanye n’itegurwa ry’ibiteramo nka Festival  turiko turabona muri kino gihe c’ici atariko aritabirwa neza yatumenyesheje ko kugira festival ibe nziza kandi yitabirwe n’abantu benshi ko bisaba mbere na mbere umwanya ukwiye w’itegurwa(Nk’umwaka wose) hamwe n’uburyo bukwiriye bw’ababifata mu mugongo. Ikindi yahagazeko ni umwanya muto w’imenyekanishwa (promotion/visibilite) uhabwa bino biteramo kandi imenyekanishwa ari imwe mu ntambwe nyamukuru kandi ngirakamaro cane kugira festival yitabirwe kuko mu gihe vyacishijwe ku maradiyo, kubuhinga ngurukana bumenyi hamwe no ku vyapa igihe kinini abantu barabiha agaciro kandi hageze baravyitabira kuko baba baravyiteguriye bihagije.

Impanuro yatanze k’ubategura ama festival yabasavye kwiha umwanya ukwiye nk’umwaka atari amezi atatu canke ane, bakihweza neza ico giteramo bagoba bategure ko gishoboka(uburyo) aha yabasavye kuraba neza abo bashaka ko babafata mu mugongo(partenaires) ko ivyo bintu bibaraba kandi babikunda, ko hari akunguko bobo bazokuramwo kugira babafashe. Akamo yateye abakunzi b’uumuziki(fans) nabo yabasavye gushigikira umuziki na benewabo. Ati gushigikira umuziki si ukundi ni ukwitabira ivyo biteramo bakabatera intege bakabakomera amashi bakaryoherwana, ari uburyo bakaburiha kugira n’abaririmvyi nabo babeho. Yarangije atumenyesha ko umuziki ari ngirakamaro mu buzima bwa kiremwa muntu, ko umuziki uruhura mu mutwe.