Barunguka ? Tumwe mu tubazo ku ma festival ariko aba.

Barunguka ? Tumwe mu tubazo ku ma festival ariko aba.

Iki ni ikibazo kiriko kiribazwa n’aba na bariya ku biriko biribonekeza mu biteramo (Festival) biriko bitegurwa mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati.

Duhereye kuri Festival de l’Independance yateguwe na Bantubwoy tugaca kuri Umukozo Fest yateguwe n’umurwi ndangakaranga Amagaba izo zibiri akaba arizo zimaze kuba, tukaca dusimbira i Ngozi na Kugasaka Festival, i Bujumbura no mugihugu hose hamwe na Vuga Festival, mu Cibitoki na Cibitoki Summer Fest, hamwe n’ibimdi vyinshi turabona ko ibirori n’imyidagaduro atari ico abarundi bazobura muri rino ci.(Summer)
Bamwe bati integuro y’ivyo biteramo ntitunganijwe neza kuko birafatanye cane kandi abavyitabira mu bijanye no kuryosha ibirori basa na ba bandi nyene. Abandi nabo bati abateguye ivyo birori n’ibiteramo nta kintu gishasha(création et innovation) bazana biguma ari vya bindi niyo mpamvu ata bantu b’ikirenga baronka.
Ese ivyabaye kw’iyugururwa rya Festival de l’indépendance hamwe no kuri Umukozo Festival n’ivyo bizoba kuzindi Festival zisigaye ? Ubwo ntaco boba barahindura naho nazo nyene za geze ?
Nk’umukunzi w’ibiteramo n’ibirori, wohanura iki abategura ibiteramwo ?