BURAMATARI W'INTARA YA MWARO ASABA ABANYAMWARO GUKORERA HAMWE

Mu bikorwa vyo gutanga ibikoresho ku mashure y'imyuga ari muma komine atandukanye y'intara arongoye, buramatari yahamagariye aba nya Mwaro gukorera hamwe.

BURAMATARI W'INTARA YA MWARO ASABA ABANYAMWARO GUKORERA HAMWE
BURAMATARI W'INTARA YA MWARO ASABA ABANYAMWARO GUKORERA HAMWE

Kuri uyu w kabiri igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2021 Buramatari w'intara ya Mwaro  Colonel Gaspard GASANZWE yari yishikiye mu bikorwa vyo gutanga ibikoresho ku mashure y'imyuga ari muma komine atandukanye y'intara arongoye.

Mw'ijambo ryiwe yarasavye abari ngaho ko atawo kwikorana wenyene ariko ngo bashire inguvu hamwe bakorane ari benshi muguteza imbere intara yabo.

Buramatari Colonel Gaspard GASANZWE yabandanirije ibikorwa vyiwe  muri komine ya Rusaka agiye kugenzura neza ikibanza kizokubakwamwo ibitaro Yanza vyo muri komine Rusaka.