Burundi :BIRASHOBOKA KURONKA IMPAPURO ZARONDERERWA MURI KOMINE HAKORESHEJWE UBUHINGA BWA NONE.

1 / 2

1.

Kuri uyu wa gatanu, ikigo KIT HUB cashize ahabona ubuhinga bushasha ( Logiciel) bushobora gufasha kubika ibiharuro bijanye n'abavutse, abapfuye canke impapuro zose zitangwa mu makomine nka za karangamuntu, attestations n'ibindi. Ivyo vyose bikazoba biri mu buhinga bwa none. Nintunze Evariste aserukira KIT HUB mu Burundi akavuga ko hamwe ubwo buhinga bwokoreshwa bizotuma umuntu atirirwa araja kuronderera mu bitabu ndangamuntu canke ngo amare umwanya atonze arindiriye izo mpapuro. 
Kubafise amakenga ku mutekano w'ubwo buhinga, Evariste arongoye Kit Hub avuga ko ari ubuhinga bwitondewe neza kandi bukingiwe kuburyo atari uwariwe wese azopfa kwinjiramwo. 

Nayo ngo icatumye biyumvira ubwo buhinga ari ingorane babonye zibonekeza mu ma komine iyo umuntu agiye kurondera bene izompapuro. "Gutonda iminsi myinshi, gufata umwanya wo gucukura mu bitabu vya kera, hari n'i lvyo usanga vyaratakaye ukabibura".
Evariste atera akamo Reta cane cane  ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano kubashigikira  mu gukoresha ubwo buhinga na cane cane ko ari umugambi ukozwe n'urwaruka. Avuga ko aho kurondera abandi bahinga  bavuye hanze y'igihugu, bomenya ko n'urwaruka rw'abarundi rushoboye.

Next