BURUNDI BWACU FESTIVAL IGICE CA MBERE.

1.

Abarundi baba hanze yigihugu bafadikanije nababa  mu gihugu  bagiye hamwe bategura isabukuru " Burundi bwacu Festival". 

Nkuko babishikirije mu kiganiro bahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru isabukuru Burundi Bwacu Festival ngo n'igikorwa kigiye kubera mu bisagara bitatu vyo mu ntara zikwirikira:

Ngozi
Gitega
Bujumbura Mairie

Ibikorwa bitunganijwe muri Burundi Bwacu Festival Vyose bizotangura ku magenekerezo ya 24,30,31 zuku kwezi kwa Mukakaro 2021. 

Igice cambere ciyo sabukuru kizoba kigizwe n'inkino zitandukanye ( football, basketball, tennis ), kubakinyi bakera babiciye bigacika ndetse nabakinyi bubu bariko bitwara neza.

igice ca kabiri kikaizoba kigizwe n'ibiteramo bizoza biraba inyuma yinkino zizoba zakinywe bizoba bigizwe ahanini n'abaririmvyi bakera babiciye bigacika baba hanze yigihugu hamwe nabubu bariko bitwara neza bakorera aha mugihugu cacu
Bazoba bariko baravugirizwa naba DJs batandukanye bahano mugihugu cacu ndetse naba DJs baje bava hanze yigihugu mubihugu nka ( France , Angleterre Amérique ndetse nibindi....).

Burundi bwacu festival kandi yatunganijwe muntumbero yo kwerekana ishusho nziza y'igihugu cacu ciza mumakungu. 
Harimwo kandi no guhuza abakinyi bubu nabakera
Abaririmvyi bubu nabakera hamwe naba djs bubu nabakera  Bose kakaba akaryo keza ko kumenyana ndetse bakaganira uburyo boteza imbere ibikorwa vyabo hadasizwe inyuma guteza imbere no kuvuga neza igihugu cacu ciza c, uburundiii Aho dushitse hose