Bururi: ABATUMYE IBIKORWA VYOKUBAKA URUGOMERO JIJI-MUREMBWE BIDIMDIRA BAGIYE GUFATWA BONGERE BAHANWE

Bururi: ABATUMYE IBIKORWA VYOKUBAKA URUGOMERO JIJI-MUREMBWE BIDIMDIRA BAGIYE GUFATWA BONGERE BAHANWE

Kuri uyu wa kabiri 15 ruheshi 2021, CPG Alain-Guillaume BUNYONI, Umushikiranganji wa mbere yishikiye mu ntara ya Bururi komine songa ahariko hubakwa ingomero z'umuyagankuba Jiji-Murembwe, mu ntumbero yo kwirabira intambwe ibikorwa bigezeko.

Nyakubahwa Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko n'ubwo ibikorwa vyakozwe ariko hakaba ugucerwa, umuntu canke abantu batumye ivyo bikorwa bindindira canke bigakorwa nabi, boshirwa ahagaragara kugira ngo ivyo bakoze babihanirwe. 

Umushikiranganji wa mbere yaboneyeho gusaba abariko bararangura ivyo bikorwa gukorana umwete kandi barabe ko uburyo bwatanzwe buriko burakoreshwa neza kugira ngo bizobe vyarangiye mu kiringo gitegekanijwe.

Urwo rugomero bikaba bitegekanijwe ko ruzotanga  umuyagankuba ungana na "Megawatt "49,5 .

Ibikorwa vyo kwubaka izo ngomero vyuguruwe icese mu kwezi kw'icenda 2019 bigatangura nyezina muri Ruhuhuma 2020 mbere bakamenyesha ko kuri Jiji bizomara ikiringo c'imyaka 3 murembwe nayo imyaka 3 n'amezi 6.