Buterere : UMU SHEHE YAHAGARITSWE BIVUYE KU MAJAMBO YIVUGIYE

Buterere : UMU SHEHE YAHAGARITSWE BIVUYE KU MAJAMBO YIVUGIYE

Shehe NDIKUMANA Rashid ari ari mu minwe y'inyamiramabi kuva mu gitondo c'uwu wa gatatu. Yagirizwa ko mu gitondo c'uwu wa kabiri mu masengesho ku musigiti (komine ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura) yakoresheje amajambo atabereye mu kwifatira mu gahanga umushikikiranganji w'intwaro rusangi, iterambere rusangi n'umutekano mu kuvuga ko "ategerezwa gusaba ikogongwe aba islams yabujije gusenga mu gitondo" akanivugira ko azosaba umukuru w'igihugu asubirize uwo mushikiranganji.

Mu gipolisi baremeza ayo makuru.
Petero Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji amenyeshako uwo mu shehe ariko arakorerwa dosiye .