CAN2022: Uburundi bwaraye busezerewe.

CAN2022: Uburundi bwaraye busezerewe.

Uburundi bwaraye gusezerewe kuzitabira ihiganwa rya Afrika mu mupira w'amaguru mu gutsindwa igitsindo kimwe ku busa n'igihugu ca Maroc.


Ni mugihe isaha icenda z'umuhingamo Intamba zari zamaze kumenya ko zitazitabira iryo higanwa bitewe nuko igihugu ca Mauritanie cari catsinzi republika ya Centrafrique igitsindo kimwe ku busa.

Ibiharuro bikaba vyarangiye uku gukurikira :
Maroc 14
Mauritanie 9
Burundi 5
Centrafique 4.

Ivyo biharuro bikaba vyaciye biha uburenganzira ibihugu nka Maroc na Mauritanie kuzokwitabira ihiganwa rya Afrika rizoba mumwaka w'i 2022 mu gihugu ca Cameroun.