CHRISTIANO RONALDO MU NTAMBARA NA COCA COLA.

1 / 1

1.

Mugihe Cristiano Ronaldo yariko asanga ikiganiro kubanditsi n'abamenyeshamakuru yabanye amacupa y'ikinyobwa Coco Cola, ikinyobwa guhindura na rimwe mu mashirahamwe ahagarariye ihiganwa rihuza igihugu vya Buraya ateretse imbere yiwe mugihe yagire atange ico kiganiro aca abanza kuyegeza hirya kuko atipfuje  ko bomufotora canke ngo bamufate isanamu ayo macupa ari imbere yiwe .


 Kubwa Christiano Ronaldo ngo ntiyokwifotoza kukinyobwa aziko atari ciza kubinonora imitsi muri rusangi hamwe n'urwaruka.


Muri ico gihe, uyo mukinyi y'umuka mu gihugu ca Portugal akaba yaciye afata icupa ry'amazi riba ariryo yereka abamenyeshamakuru ko arico ikinyobwa gikwiriye kunyobwa. 
 
Christiano Ronaldo akaba ariwe mukinyi yatowe ko yigenjeje neza mu rukino rwahuje igihugu ca Portugal na Onglie , urukino rwarangiye kuntsinzi y'ibitsindo 3 vya Portugal kuri 0 bwa Onglie, akaba yatsinzwe mwo ibitsindo 2.