CONTROLE  TECHNIQUE ZATANGUYE GUTANGWA I GITEGA

CONTROLE  TECHNIQUE ZATANGUYE GUTANGWA I GITEGA

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 8mukakaro 2021 k'umugwa mukuru wa politique i Gitega , umushikiranganji wo gutwara abantu n'ibintu Capitoline NIYONIZIGIYE yuguruye ibikorwa vyogutanga impapuro zerekana ko imodokari yasuzumwe (contrôle technique).

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho umukuru w'igihugu c'Uburundi Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye abogoreje umuyobozi mukuru w'ikigo OTRACO aho izo mpapuro zahora zitangirwa.

Tubibutse kO izo mpapuro zahora zitangirwa mu kigo OTRACO i Bujumbura gusa ubu zikaba zigiye gutangwa mu ntara za Gitega,Ngozi na Bururi.