DOUBLE JAY NA KIRIKOU A-KILI NTIBAKIBARIZWA MURI BANTU BWOY.

1 / 1

1.

Nyuma yigihe kitari gito abaririmvyi KIRIKU AKILI hamwe na DOUBLE JAY bafitaniye amasezerano ya management na Label ya Bantu Bwoy mu ntumbero yo gutezimbere ibikorwa vyabo baririmvyi ,kuva kuri uyu wa 21Rusama 2021,abo baririmvyi ntibakibarizwa muri BANTU BWOY nkuko ikete ryagiye ahabona ritewe ko umukono n'umuyobozi mukuru wa MUGANI DESIRE Big FARIAZ rivyerekana.

Muri iryo kete MUGANI Desire arashimira abo baririmvyi kuvyo baranguriye muri Bantu Bwoy akarangiza abipfuriza kuroranirwa mubuzima bagiye kubandanirizamwo.