Ester Nish AGIYE KUGENDERA INTARA ZA NGOZI,GITEGA,BUJUMBURA NA RUMONGE ABICISHIJE MURI COME AND SEE TOUR.

1 / 1

1.

Umuririmvyikazi w'umurundi Ester NISHIMWE abenshi bita  Esther Nish official afadikanije  na Bukiv Lab , arinayo isanzwe imufasha mubikorwa vyiwe vy'umuziki baramenyesheje abanditsi n'abamenyeshamakuru ko bariko barategura kugendera intara zose  muri " Come and See Tour" ijanye no gushira ahabona no kumenyekanisha indirimbo uwo muririmvyikazi aherutse gusohora yitwa "Come and See"  .

Uwo muririmvyikazi ategura  kuzogira ibiteramo ( Concerts ) muri Ruheshi 2021 gushika muri Mukakaro 2021, mu ntara za Ngozi, Gitega, Rumonge na Bujumbura.  Amenyesha kandi ko mu kwezi kwa Kigarama 2021 afise integuro yo kuzosohora urukurikirane rw'indirimbo ( album). 

Muri ico kiganiro Ester Nish yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru, Esther Nish Official  avuga ko afise intumbero nyamukuru yo kumenyekanisha igihugu c'Uburundi mu makungu kandi ko adakekeranya kuzoshika kuri iyo ntumbero afatiye kundirimbo aheruka gusohora "Come and See" ,aho biboneka ko yashitse kure cane yihweje ubutumwa buva  mu makungubwerekana urugero bakunze iyo nditimbo
Ismaël, umwe mu baserukiye  Bukiv Lab akavuga ko intumbero bafise ari iyo gukora cane kugira bamushire ku rugero mpuzamakungu. Akaremesha abakunzi b'umuziki w'Uburundi  ko uburyo bukwiye, ata gikorwa nakimwe boreka gukora kugira bamuteze imbere.