Evariste Ndayishimiye w'UBURUNDI NA Félix Tchisekedi WA RDC BAGIYE GUHURA BAGANIRE IBIJANYE  N'IMIGENDERANIRE YIVYO BIHUGU

Evariste Ndayishimiye w'UBURUNDI NA Félix Tchisekedi WA RDC BAGIYE GUHURA BAGANIRE IBIJANYE  N'IMIGENDERANIRE YIVYO BIHUGU

Mu gisagara ca Goma kuri uyu wambere igenekerezo rya 28 Ruhenshi 2021, umukuru w'igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo Perezida Félix Antoine Tshisekedi yahaye umubonano intumwa idasanzwe ya Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE ariyo Amb. Albert Shingiro asanzwe ari umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'amakungu.

Ni mugihe igihugu ca RDC gisanzwe kiriko cirisuganya kugira ngo gihamvye ibindi bihugu mu muryango wa Afrika y'ubuseruko EAC.

Muvyavuye muri uwo mubonano hakaba  harimwo itegekanywa ry'ingingo ntabanduka yo kwemerera ico gihugu kwinjira muri uwo muryango, izoshikirizwa icese mu nama y'abakuru b'ibihugu bagize EAC izoba mu mwaka wa 2022,  aho Nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu c'Uburundi azoca ashikira amabanga  yo kurongora uwo muryango.

Inyuma yuwo mubonano iyo ntumwa ya Evariste Ndayishimiye  yagiraniye n'Umukuru w'igihugu ca RDC yamenyesheje ko vuba ngo abo bakuru b'ibihugu babari bagiye guhura ngo baganire ibijanye n'imigenderanire yivyo bihugu vyompi.