Football: UMURWI NSERUKIRA GIHUGU INTAMBA MU RUGAMBA UHEJEJE GUTSINDA UMURWI NSERUKIRA GIHUGU WA ERYTREE.

1.

Inyuma yaho urukino rwahuje umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba n'umurwi nserukira gihugu wa erytree ruhagarikiwe rukarara mugitondo co  kuri uyu wagatatu igenekerezo rya 21 mukakaro 2021 iyo mirwi yompi yasubiriye gukina igihe c'isaha zine zigitondo.

Iyo mirwi ikaba yakinye kugira ngo iheraheze umwanya warusigaye kubera ko imvura yari nyinshi cane bituma urwo rukino ruhagarara kumusi w'ejo igenekerezo rya 20 mukakaro 2021, ubu rukaba rurangiye kuntsinzi y'umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba watsinze ibitsindo bitatu kubusa bw'umurwi nserukira gihugu wa erytree.

Twobibutsa ko urwo rukino rwahagarikijwe Intamba mu rugamba zimaze gutsinda igitsindo kimwe.