FRANCINE NIYONSABA ARIDOGERA CNO KO ATACO IRIKO IRAFASHA ABANONOTSI BAZOJA I TOKYO 2020.

1.

Mugihe hasigaye indwi 2 ngo habe inkino mpuzamakungu zo kwinonora imitsi (Jeux Olympiques Tokyo 2020,umunonotsi Francine Niyonsaba aridogera komite mpuzamashirahamwe yo mu Burundi (CNO), ko gushika kuri iyi saha,iyo komite mpuzamashirahamwe ataco irafashe mu bijanye no gutegura abakinyi bazoserukira igihugu c'uburundi. 

Kuri iyo myidogo Salvator Bigirimana ari nawe azogenda arongoye umugwi uzoserukira Uburundi muri izo nkino, avuga ko CNO ikora igishoboka vyose kugira ifashe abakinyi. 

Bigirimana Salvator yavuze kandi ko imaze imyaka ibiri iriko irafasha abakinyi nka Olivier Irabaruta na Eric NZIKWINKUNDA, nayo ngo nk'abakinyi Ornella Havyarimana, Cresus Gangara na Odrena Kaze bamenyekanye ko vuba batumiwe muri izo nkino z'i Tokyo 2020 kandi ko uburyo bwabo bazobushikirizwa.Nayo Francine Niyonsaba uburyo bwiwe azobushikirizwa ashitse.

Umunonotsi Francine Niyonsaba yasavye CNO ko yobaronsa umuganga hamwe n'umumenyeshamakuru bazokina.