FRANCINE NIYONSABA YARAYE AKATISHIJE ITIKE IGIRA KABIRI YO KUZOJA MU MAHIGANWA Y'ISI I TOKYO KU METERO 10.000.

1 / 1

1.

Francine Niyonsaba abandanya yagenze neza na cane cane mu kwironkera amatike amuha uburenganzira bwo kwitabira amahiganwa y'Isi ya Jeux Olympiques azobera i Tokyo mu Buyapani. 
Mw'ijoro ryo kuri uyu wa kabiri igenerekerezo rya 08 Ruheshi 2021 yaraye aronse umwanya mwiza,aho yakoze minima mw'ihiganwa ryariko ribera muri Pays -Bas ku metero 10.000 akaba yazirutse mu minota 31 n'amasegonda umunani n'ivyijana 51 mu gihe minima isabwa ari 31:25 min.

Francine Niyonsaba yaheruka kuronka minima ku metero 5000 I Montreuil aho yari yirutse izo metero mu minota 14 n'amasegonda 52 kuri 15 n'amasegonda cumi asabwa I Tokyo.