FRANCINE NIYONSABA YARAYE ARONSE UBURENGANZIRA BWO GUHIGANWA MURI JEUX OLIMPIQUE I TOKYO .

1 / 1

1.

Francine Niyonsaba yaraye aronse uburenganzira bwo guhiganwa muri Jeux Olympiques i Tokyo ku metero  5000.
Kuri uwo munonotsi umunezero umunezero wa murenze .
Yagize ati : «Ndanezerewe cane, kuko kuko nshitse ku cifuzo canje, nagize ihiganwa ryiza, ubu numva mpimbawe cane . Ntivyari vyoroshe kuri jewe kuva guhiganwa ku 800m nja ku 5000. Vyabaye ngombwa ko nongereza ishaka, mpindura uburyo nimenyerezamwo, numva nzerewe cane».

Francine Niyonsaba akaba amaze igihe agirira imyimenyerezo mu gihugu ca Kenya ahitwa Kaptagat, aho naho akaba amenyerezwa na Mark Rowland.
Ivyo bibaye haciye indwi zibiri, umunonotsi Francine Niyonsaba agize umwanya mwiza i Andujar ungana n’iminota 15’12’’08 ku ncuro yiwe ya mbere ahiganywe icese ku 5000m.Ubu yaraye agize muri Meeting d’athlétisme de Montreuil umwanya ungana n’iminota 14’54’’70 mw’isiganwa ridasanzwe.