Gaston Sindimwo mu beretswe umuryango mu mugambwe Uprona.

Gaston Sindimwo mu beretswe umuryango mu mugambwe Uprona.

Ku nama yatumweko n'umukuru w'umukuru w'umugambwe UPRONA Abel Gashatsi kuri uno wa kabiri 11/05/2021 inama y'ibiro nshingwabikorwa ya komite nkuru y'umugambwe w'abadasigana Uprona yaraye ifashe ingingo yo kwirukana burundu abadasigaba batatu.

 
Abo nabo bakaba ari: Umushingamateka Gaston Sindimwo yahoze ari icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Anicet Niyongabo na Isidore Mbayahaga.

Abo birukanywe bakaba bagirijwe kudohoka kukarangamutima k'umugambwe.

Abo birukanywe bamenyesha ko ivyo nabifata nk'ibitabaye kuko mu mugambwe hibonekeza ugutwara nabi, bakaba bari bamaze kwitura ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano.