Gitega : AMAKINGA YARI AMAZE IMISI YIBWA MU NTARA ZA GITEGA NA MWARO YAFASHWE.

Gitega : AMAKINGA YARI AMAZE IMISI YIBWA MU NTARA ZA GITEGA NA MWARO YAFASHWE.

K'umuhingamo wo kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 18 Mukakaro 2021,k'umitumba Mungwa uri muri komine n'intara ya Gitega harafashwe amakinga atari make k'umuhana w'umuntu ,ayo makinga akaba yafashwe inyuma yisaka ryaho hari hahejeje kwibwa ikinga k'umutumba wa Masenga wo muri iyo komine nyene.

Abenegihugu bo muri ako karere bavuga ko ayo makinga yari yibwe mumakomine y'intara ya Gitega na Mwaro, Bumwe Christophe arongoye zone Mungwa aremeza ayo makuru akavuga ko ayo makinga yose aca ajanwa kubiro VYA zone Mungwa kugira ngo beneyo azitore.