Gitega: UMUSI MUKURU W'AKAZI N'ABAKOZI

Gitega: UMUSI MUKURU W'AKAZI N'ABAKOZI

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 1 Rusama 2021, Uburundi bw'ifadikanije n'amakungu muguhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu w'akazi n'abakozi.

Mu ntara ya Gitega k'umurwa mukuru wa politike ivyo birori vyatewe iteka na n'Umukuru w'inama nshingamateka y'uburundi Daniel Gélase Ndabirabe  arikumwe n'umutambukanyi wiwe hamwe umushikiranganji w'ibidukikije , uburimyi n'ubworozi Déo Guide Rurema.

Mw'ijambo ryiwe Buramatari w'intara ya Venant Manirambona yashimiye Reta y'uburundi ukuntu yabarungikiye intumwa iza gushigikira abanyagitega mu musi mukuru w'akazi n'abakozi.

Nyeniteka Daniel Gélase Ndabirabe yashimye cane intambwe intara ya Gitega igezeko aho twovuga mubijanye n'iterambere ry'igihugu, uburimyi ,ubworozi, mukwakira ingenzi.

Umukuru w'inama nshingamateka pakaba yakebuye abakozi badakora neza akazi bajejwe yabasavye kw'ikubita agashi.