KUBAKA IKIBANO CIZA HAGATI Y'URWARUKA RWO MURI ZONE MARAMVYA NIYO NTUMBERO Y'INKINO ZIRIKO ZIHUZA URWARUKA RWO MURI IYO ZONE.

1 / 1

1.

Muntumbero  yo kubaka ikibano ciza hagati y'urwaruka rwo muri zone Maramvya  rwo ku mitumba yose igize iyo zone  ngo ruhindure ivyiyumviro rumenye ko rutegerezwa kubana neza  kumitumba.

imboneza zo muri zone Maramvya zishigikiwe n'ishirahamwe Right to play hamwe na Komine Mutimbuzi zaratunganije ihiganwa rihuza urwaruka rwose rwo muri zone Maramvya . 


Izo nkino zatangujwe icese n'uwurongoye zone Maramvya Gaston SINGORA, kw'igenekerezo rya 11 Mukakaro 2021. 
Izo nkino zikaba zigeze kundwi igira 2. 
Imigwi ikaba yatsindanye uku gukurikirana:
-Mapenzi FC 1 - 0 RIZIERE CANON 
-Mugisha FC 2 - 1 FC FOLCAN
-MUTARA FC 2-1 BUDAHIRWA
-MAPENZI FC 6 - 0 INTARITA FANS
-KIGWATI 2 - 2 WASAFI
-SECON CHELSEA 0 - 0 INTARITA SPORT 
RIZIERE CANON 0 - 0 KING STAR
Bitegekanijwe ko iryo higanwa rizorangira kw'igenekerezo rya 28 Myandagaro 2021.