GUKOMEZA IMIBANO MYIZA,INDERO,UMUTEKANO, ITERAMBERE NIVYO BAHAMAGARIRWA

Tabu Emerencienne yarasavye ku musi wa kabiri itariki 09 Ruhuhuma abarongoye ubuzi butandukanye mu ntara ya Ruyigi gukorera hamwe.

GUKOMEZA IMIBANO MYIZA,INDERO,UMUTEKANO, ITERAMBERE NIVYO BAHAMAGARIRWA

Ku murwa mukuru w'i ntara ya Ruyigi   kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2021 buramatari w'intara ya Ruyigi Tabu Emmerencienne  yaragirishije inama abarongoye abandi mu bisata bitandukanye vyo muri iyo Ntara arongoye barabiye hamwe ingene umutekano wifashe muma komine indwi agize iyo Ntara , iterambere ry'abenegihugu,imibano,indero n'ingene bobandanya bagwanya ikiza ca koronaviris kibangamiye isi narirya iyo Ntara iri kumupaka w'Igihugu cucu n'igihugu ca Tanzaniya .

Buramatari Tabu Emmerencienne yarasavye abitavye iyo nama gukorera hamwe n'uguhanahana amakuru kumwanya,abitavye iyo nama bavuye ngaho bemeranije ko bagiye bagiye hamwe vyose bishoboka.