GUKORERA MURUNANI NIVYO VYATUMYE INTARA YA CANKUZO IBA IYAGATATU MUKIBAZO CO MUMWAKA W'ICENDA

GUKORERA MURUNANI NIVYO VYATUMYE INTARA YA CANKUZO IBA IYAGATATU MUKIBAZO CO MUMWAKA W'ICENDA

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Mukakaro 2021, Buramatari w'intara ya Cankuzo arikumwe n'izindi ndongozi ziyo ntara yazindutse yakira umukuru w'inama nshingamateka y'uburundi Nyeniteka  Daniel Gelase Ndabirabe aho yararamutse agendera iyo ntara.

Mw'ijambo ryiwe Buramatari w'intara ya Cankuzo Gaspard Banyiyezako yashimiye cane abenegihugu bo muri iyo ntara ukuntu bakorera murunani ari navyo vyatumye iyo ntara ifata ikibanza ca gatatu muri gwarukurikirane rw'ingene intara zisumbana mukumenyesha ikibazo co mumwaka w'icenda.

Gaspard Banyiyezako yabandanije asaba abarezi kubandanya bakorana neza n'abavyeyi kugira ngo indero mu ntara iterimbere.