HAGIYE GUSHIGWAHO INOTI ZIRIKO PREZIDA PETERO NKURUNZIZA

HAGIYE GUSHIGWAHO INOTI ZIRIKO PREZIDA PETERO NKURUNZIZA

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 Rusama 2021, umushikiranganji wubutungane Jeanine NIBIZI yazindukiye mu ngoro y'amakoraniro mu kigobe mu nama  nshingamateka kwishura ibibazo vy'abashingamateka no kwiga itangwa ryikidari gihabwa lmboneza nkuru mukuzirikana no gukundi igihugu.

Abashingamateka  bagiriyeko basaba ko kunoti zikoreshwa mugihugu  c'uburundi hobako ifoto y'uwahoze ari umukuru w'Igihugu Petero Nkurunziza hakanashirwaho umusi wahariwe ico gikorwa uzohora uhimbazwa mukwezi kwindwi uko umwaka utashe, hakubakwa fondation y'itiriwe Petero Nkurunziza, amabarabara amwe amwe yo mugisagara ca Bujumbura no mugihugu hagati atirirwa izina ry'iyo mboneza.

Ivyo bibaye mugihe abenegihugu bari bamaze igihe kitari gito basaba ko ku noti boshirako umuhisi yahoze ari umukuru w'Igihugu Petero Nkurunziza kuko ngo nawe yarabaye intwari.

Kubera ko Petero Nkurunziza yobaye we abirongoye ivyo birori atakiri mu mubiri ngo ijambo rizoca rifatwa n'umukuru w'lgihugu.