HAGUMA HIGARAGAZA UBUSUMA BW'UMUYAGANKUBA MU GISAGARA CA BUJUMBURA

Ishirahamwe Regideso riguma rishira ahabona abiba umuyagankuba mu mice itandukanye yigisagara ca Bujumbura.

HAGUMA HIGARAGAZA UBUSUMA BW'UMUYAGANKUBA MU GISAGARA CA BUJUMBURA

Inyuma ya Kamenge,Ngagara, Kinama na Kinanira ishirahamwe Regideso riramenyesha ko riguma rifata abiba umuyagankuba.

Igenekerezo rya 09 Ruhuhuma muri komine Ntahangwa,zone Gihosha,karitiye ya Mutanga Nord ku kabarabara Inkondo , inimero 52 harafashwe  abari bamaze gukoresha umuyagankuba ufise agaciro k'amafaranga y'amarundi angana ibihumbi amajana umunani na mirongo icenda na bibiri namajana atatu na mirongo irindwi na rimwe (892.371fbu).

Ahandi hafashwe ubusuma nkubwo ni ku Musaga muri Komine ya Muha aho hari umuhana wahora ukoresha ikonteri y'amatara ariko ikaba yari yanditswe kw'ikoresherezwa ku Mutakura, iyo konteri ikaba itari bwigere ikontororwa na rimwe, abahinga ba Regideso bamaze kubimenya bakaba basanze bamaze gukoresha umuyagankuba ufise agaciro kangana n'amafaranga y'amarundi angana umuriyoni urengako ibihumbi amajana atatu na mirongo ine natatu namajana icenda na mirongo ine (1.343.890fbu).

Kuri uno wa kane 11 Ruhuhuma naho Regideso yafashe ubwo busuma nyene muri Carama aho amatohoza ariko akorwa kugira hamenyekane nyene iyo konteri itanditse Ahandi hibonekeje ubwo busuma ni mu Kigobe ikabarabara ka USA nomero 9.


Mwomenya ko mukwiba uyo muyagankuba bacomora intsinga zica mw'ikonteri y'amatara
Ivyo vyose ishirahamwe Regideso ivuga ko bitera uruhombo runini cane